14/11/2025
MENYA UBURWAYI BW'INKOKO UGENDEYE KUMAFYAKARI YAZO!
1.Guhitwa umweru (pullorose aviaire)
Ubu ni uburwayi bubangamira imiswi iri munsi y'amayinga 4
Kuvura: isuku aho ziba mukiraro,
Kwirinda kumena amazi mukiraro
Koresha umwe muri iyi miti:
Cilistine, enrosol,...
2.Guhitwa umuhondo (cholera aviaire)
Umuti: amprolium, sulphadimidin ws,....
3.Guhitwa shokora ck ibara ry'ivu ( coccidiosis)
Aha uko inkoko ikura ninako hagenda hivangamwo amaraso uko indwara irushaho gukura!
Umuti; amprocox, amprolium, anticox,....
4.Guhitwa icatsi (umuraramo) Newcastle
NB: guhitwa icatsi sivyo vyonyene bitanga ubu burwayi
Hari n'ibindi bimenyetso nko kuba paralyse, kugoronzora izosi, guhumeka nabi,.....
Umuti; ntamuti igira
Kingiza inkoko zawe kugihe!
5.Guhitwa umweru (typhoid)
Iyi itandukanye cane na pullorose aviaire twavuze kuko aha amafyakari afata inyuma, amoya yo munsi y'inzira y'amafyakari arajobana cane!
Umuti: sulphadimidin ws, limoxin,.....
Guhitwa amazi (gumboro)
Iyi ntigira umuti uretse ko wakoresha vitamine n'ama antibiotics atandukanye nka : limoxin+amprolium, sulphadimidin ws,.....