Mr Chicken Poultry Farm

Mr Chicken Poultry Farm Iyi Page iragufasha kumenya vyinshi kubijanye n'ubworozi bw'inkoko za kijambere

INGWARA Y'INKOKO YOKUMUGARA AMGURU CANKE IZOSI  (Paralysie)  🐔Mr Chicken Poultry Farm Alex Ibrahim Kubwimana Ni igihe in...
24/10/2025

INGWARA Y'INKOKO YOKUMUGARA AMGURU CANKE IZOSI (Paralysie) 🐔

Mr Chicken Poultry Farm

Alex Ibrahim Kubwimana

Ni igihe inkoko ziba zidashobora guhagarara canke gutabuka neza kubera impamvu zitandukanye.

IMVO NYAMUKURU:

1️⃣ Ingwara yitwa Marek’s – ni virusi ituma amaguru canke izosi rimugara.

2️⃣ Kubura ivyunyunyu mumubiri (Calcium, Phosphores, Vitamine D3) – bituma amaguru zidashobora gutambuka.

3️⃣ Gukora n'ingoga nokuremera cane (cane cane inkoko z'inyama)– inkoko ikura n'ingoga ikagira ibiro vyinshi bikayiremera nuburyo biyigora gutambuka.

4️⃣ Uburwayi bwo mu ngingo (amakonyera) – amaguru aravyimba kandi akababara.
5️⃣ Kubura Vitamine B complex mumubiri– bituma amaguru amugara.

INGENE IVURWA :

✅ Zihe vitamine AD3E, B-complex, calcium na multivitamine.

✅ Koresha imiti ya antibiotic nka Tylodox canke Enrofloxacin mu gihe hari ikimenyetso vy'izanduye.

✅ Zikorere isuku mukibanza zibamwo, ivyo kurya birimwo intungamubiri, zisasire neza wirinde gusesagura amazi yotuma mw'iyororero ryawe hazamwo ibiziba.

23/10/2025

Mention spéciale à mes nouveaux(elles) super fans ! Elvis Elvis Nininahazwe, Etebo Bizaneza, Vyizigiro Arthur

Murakoze Kandi kubana natwe

Murakoze cane kubana natwe.Mr Chicken Poultry Farm
23/10/2025

Murakoze cane kubana natwe.

Mr Chicken Poultry Farm

23/10/2025

Mr Chicken Poultry Farm

KUVURA INKOKO INZOKA ZO MUNDA 🐔Mr Chicken Poultry Farm Kuvura inzoka  ni ugusukura mu nda no mu bihimba vy’imbere vy’ink...
13/10/2025

KUVURA INKOKO INZOKA ZO MUNDA 🐔

Mr Chicken Poultry Farm

Kuvura inzoka ni ugusukura mu nda no mu bihimba vy’imbere vy’inkoko, kugira ngo havemwo inzoka zomubwiko bwa Askarisi Izo nzoka zitera uburwayi.

Askarisi zituma inkoko zonda, zigatuma inkoko zigabanya umurindi wo guta amagi neza.

IBIMENYETSO VY’INKOKO ZIGWAYE INZOKA:

Inkoko zironda ata mpamvu
Amoya agahagarara.

Gukorora no guhema nabo.

Kwituma Umwanda urimwo inzoka.

UBURYO BWO KUVURA INZOKA:

Imiti :

Levamisole, Piperazine, canke Wormcid.

👉 Ivangwa mu mazi meza y’inkoko yo kunywa uko vyanditswe ku bipimo vya muganga w’ibitungwa.

INGENGABIHE YO GUTANGA IMITI:

🐣 Imiswi : yihe incuro 4–6 kundwi

🐓 Inkoko zikuze : incuro 2–3 mukwezi

MENYA NEZA :

1. Zihereze imiti mbere y’uko uzigaburira.

2. Kirazira gufungura amagi canke gufungura
inkoko imisi 7 inyuma yo kuziha imiti.

13/10/2025
AMAKOSA UTEGEREZWA KWIRINDA WEWE NK'UMWOROZI MUSHASHA Y'INKOKO Mr Chicken Poultry Farm Amakosa Utegerezwa Kwirinda nk'Um...
13/10/2025

AMAKOSA UTEGEREZWA KWIRINDA WEWE NK'UMWOROZI MUSHASHA Y'INKOKO

Mr Chicken Poultry Farm

Amakosa Utegerezwa Kwirinda nk'Umworozi Mushasha w’Inkoko 🐔

Aborozi b'inkoko benshi barapfisha inkoko canke bagatakaza amafaranga kubera amakosa mato mato bakora ariko Kandi bashobora kuyirinda.

Kugira ushobore guter'imbere mu bworozi bw'inkoko, gerageza wirinde ibi bikurikira 👇
Amakosa mato mato :

🐔 Kugura imiswi mu bibanza bitizewe.

🐔 Gukoresha imfungurwa zutari nziza.

🐔 Kworora mukibanza giteguye nabi canke
inzu yubatse nabi (Umuyaga utarengana).

🐔 Guhitamwo ubwoko bw’inkoko butabereye.

🐔 Kwirengagiza ibimenyetso vy’indwara.

🐔 Kuba udafise uburyo bukwiye (amafaranga yogukoresha mumugambi wawe).

🐔 Gushira inkoko nyinshi cane mu kibanza gito.

IMPANURO

Menya neza mbere y’uko utangura umugambi wawe rondera ubumenyi bukwiye buragufasha cane bukagukingira kugwa mu ruhombo..

🌟 Ubworozi ni ubudandaji, si ugukina akamari!

NTUCIKE INTEGEMr Chicken Poultry Farm Aborozi benshi b'inkoko  baheba ubworozi bw’inkoko atari uko bigoye, ahubwo n’uko ...
13/10/2025

NTUCIKE INTEGE

Mr Chicken Poultry Farm

Aborozi benshi b'inkoko baheba ubworozi bw’inkoko atari uko bigoye, ahubwo n’uko bacika intege ningoga.

Igiciro c’imfungurwa kiraduga, indwara ziraza, isoko rigahinduka… ariko abashoboye kuvyihanganira, ni bo batsinda. 🌟

💡 Ntucike intege! Niwige, wegere ababimenyereye ubasabe impanuro n'ubufasha ukosore aho wagiye urihenda hose hama ubandanye uzotera imbere.

Umwimbu wawe uzogenda uriyongera uko bukeye! 🐣🌱

AKAGOHE KUBORIZI B'INKOKO Mr Chicken Poultry Farm Umworozi mwiza w’inkoko 🐔ategerezwa kumenya ingeso z’inkoko ziwe .🔹 Ih...
12/10/2025

AKAGOHE KUBORIZI B'INKOKO

Mr Chicken Poultry Farm

Umworozi mwiza w’inkoko 🐔ategerezwa kumenya ingeso z’inkoko ziwe .

🔹 Ihweze neza imyifato y'Inkoko zawe ukuntu zitekana canke zinezerwa iyo zikubonye winjire mu nzu yazo...

🔹 Ukuntu zoguruka zisimba simba canke ziryoherwa iyo azihaye ivyo zifungura...

🔹 Ihweze neza umugwi ukerebutse n'uwudakerebutse ,ni izihe zinezerewe, canke zijunje.

Niwamenya izi ngeso,uzoshobora kubona hakiri kare nimba hari ikibazo mu nkoko zawe bizokworohera cane kumenya nimba inkoko zawe zagwaye, nimba zifise stress, canke imfungurwa zidakwije ibisabwa.

👉 Gukurikiranira hafi inkoko zawe niyo inzira nziza izogushikana kw'iterambere.

INKOKO Z'AMAGI Mr Chicken Poultry Farm Aborozi benshi b'inkoko baribaza impamvu inkoko zita uyu musi hanyuma ejo zigasib...
12/10/2025

INKOKO Z'AMAGI

Mr Chicken Poultry Farm

Aborozi benshi b'inkoko baribaza impamvu inkoko zita uyu musi hanyuma ejo zigasiba 🤨

Ntimuhagarike umutima — si indwara, ariko ni ikimenyetso c’uko inkoko zawe zikeneye kwitwararikikwa cane!

Impamvu nyamukuru ni izi:

🥚 Kubura calcium canke protéine zikwiye

💡 Umuco mukeyi (Inkoko zikeneye umuco amasaha 14–16 lu musi)

😩 Umuhangayiko canke impinduka mu kibanza zibamwo

⏳ Gusaza kw’inkoko

ICO WOKORA :

✅ Zihe imfungurwa zagenewe inkoko zita zijunje intungamubiri (Imfungurwa b'inkoko z'amagi)

✅ Tanga urumuri ruhagije

✅ Zihe amahoro, kandi munzu yaho hame hasukuye

👉 Inkoko zawe uzigaburiye neza indya nziza zikaronka umuco ukwiye n'umutueo, zizosubira gutaneza misi yose zidahagarika!

Address

Cibitoke
Cibitoke

Telephone

+25769134964

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mr Chicken Poultry Farm posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram