07/05/2022
🖲️🖲️Nawe war ubizi?Bimenye ubimenyeshe n'abandi!
kuruyumugoroba INTSINZI Vyatewe iteka n'Imana mu kugenderwa na nyakubahwa aserukira urunani rw'Amashengero y'Urutare imbere y'Amategeko aho yaraje kuraba uko ibikorwa vyifashe kurivyo bitaro bisanzwe bikukira urwo runani.
Akaba yari yaje azananye n'abafasha mwiterambere na cane cane ry'amagara y'Abantu.
Bari baje bibangikanije icuma gifasha mugupima abakenyezi bibungenze no kumurika mubihimba bitandukanye bigize umubiri w'umuntu benshi bakunze kwita #(Échographe)
Uwurongoye ivyo bitaro
IRADUKUNDA Isidore akaba yakengurutse cane kw'izina ry'abakozi ku ngabire bari bahejeje kuronka akizeza ko izofatwa neza kandi izoterera mwiterambere ry'amagara y'abantu narirya ico cuma kiboneka hake muraka karere kubumanuko.