Ham Harvest

Ham Harvest Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Ham Harvest, Health & Wellness Website, Montreal, QC.

02/07/2026

‼️Grippe vavanura na grippe mugukomeza abasirikare bumubiri 🫵🫵✅👌 Koresha ino salade 🥗 isanzwe . Muzonshimira munyuma ♥️❤️

Twagiye muri business naho ✅ ntaba commissionnaires nkeneye,  uwushaka probox izimbutse arangura canke yigurira , nziza ...
02/05/2026

Twagiye muri business naho ✅ ntaba commissionnaires nkeneye, uwushaka probox izimbutse arangura canke yigurira , nziza vraiment, imoteri yayo ni nshasha kandi ikomeye cane kuduga muntara za ruguru sikibazo kuriyo , ukaba uyishaka canke ufise incuti iyikeneye mpamagara kwiyi numéro yanje imbox +257 62532582 call and watsp ndagutemwo Imodoka uzonshimira munyuma .

MN:

1)Imodoka niyanje bwite ntaba commissionnaires nkeneye

2) iyi numéro niyanje, wemerewe kuyicako kuriyi Affaires yimidoka gusa , kuwufise ikibazo kubijanye ningwara canke izindi affaires ace kuri+257 76370495

3) Nkeneye abantu baba sérieux nkuko mbaha ibintu biri sérieux ( Bamwe bafyinata ntibandondere)

✅♥️♥️Nugutezanya imbere hama muze mwibuke kunshimira munyuma.

02/02/2026

Ntamuntu numwe adakwiye gutahura ko Azonshimira munyuma . ♥️🫵🫵 Wew ukurikiranye ino vidéo umenye ko ngukumda kandi Cane ❤️❤️ nkunda namagara yawe . Nawe ndakwinginze kubwinwza Yamagara yawe , igore uheze ino vidéo, wibuke kuyisangiza abagenzi bawe 3 . Wibuke ko commentaire zawe zinyubaka Cane,narafashe ingingo yo kuzisoma zose nkazishura.ni Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien ♥️

Iyumuntu   nibihe bihumba   ningoga mumwanya muto ? Nibihe   cane gukira , Hoho nizahe   yofungura agaca Akira ningoga? ...
02/01/2026

Iyumuntu nibihe bihumba ningoga mumwanya muto ? Nibihe cane gukira , Hoho nizahe yofungura agaca Akira ningoga? Hoho nizahe yokwirinda gufungura zituma adakira vyoroshe ?? Nico cirwa cuno musi ni

Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien Muzonshimira munyuma . MN: kuko vyangoye guvuga mukirundi vyose ico udatahura cukiraba kwifoto naguhaye musi . Ntimwibagire kunterintege mugu kora (like, commentaire, abonné,na partage)

Ok

✅Hari ibihimba/uduce tw’umubiri dukira ningoga kuruta ibindi iyo bikomeretse, bivanye n’ibi:
1)Kuba bifise amaraso menshi (vascularisation) → bikira ningoga

2)Kuba bifise “cellules” zisubiriza ningoga (regeneration rapide)

3)Kuba bitagira infection /

4)kutavangavanwa

5)Kuba bitari amagufa canke cartilage (ivyo bikira biteba cane)

👌💕Reka ndabitindeke Top 6 uhereye ku bikira ningoga cane:

1) Uruhuzu rwo mu kanwa raba ifoto musi yanditseko 1(mu bouche: mu minwa, mu maso y’iminwa, mu matama yo mu kanwa) muri rusangi mukanywa
Hakira ningoga cane. Kuki? Mu kanwa haba amaraso menshi hamwe n'amate salive bifise inguvu zo kunesha udukoko (bactérie)+ uturemangingo two mu kanwa twisubiriza vuba.

2) Ururimi (tongue) raba ifoto 2
Rukira ningoga cane.

Kuki? Rufise amaraso menshi kandi rufise cellules zisubiriza ningoga.

3) Urukoba rwo mu maso (facial skin) + scalp (ku mutwe)

Kukira ningoga cane. Kuki? Aho hose haba blood supply nyinshi (capillaires nyinshi).

4) Urukoba rusanzwe kumubiri hose inyuma (skin) – iyo hakimeretse vyoroshe
Hakira vuba. Kuki? Uruhu rufise ubushobozi bwo gusubira kwiyubaka (épithélialisation).

5) Imitsi (muscles) – ibikomere bitari binini
Bikira neza ugereranije n’ahandi.

Kuki? Imitsi ifise uturemangingo dufasha gusubira kwiyubaka (satellite cells) + amaraso menshi.

6) Igitigu (foie)

Ni co gihimba gikira cane mu bihimba vy' imbere.ibindi vyo vyimberere birateba Kuki? Foi (Igitigu) gifise pouvoir de régénération idasanzwe (gishobora gusubira gukura kandi ningoga).

❌❌Hariho rero na Top 6 zigorana gukira (duhereye ku zigorana cane kuruta izindi) iyo bikomeretse, hamwe n’impamvu (kuki):

1) Cartilage (agahingamo k’amagufa: mu mavi, mu matwi, mu mazuru) aba tabitahuye raba ifoto nabahaye
Niho hantu hagorana gukira kuruta ahandi hose kumubiri.

Kuki? Hafize amaraso make cane (avasculaire) → rero uturemangingo two kuhasanasana ntitushika neza.

2) Imitsi y’ubwonko (nerfs) (cane cane spinal cord/ubwonko) raba ifoto musi utahure neza
Kukira biragorana cane. Kuki?

Uturemangingo tw’ubwonko/nerfs ntidusubira kwiyubaka neza, kandi iyo dupfuye ntitugaruka.

3) Tendons (imigozi ifata imitsi n’amagufa) raba ifoto nahone Kugira utahure neza
Hakira buhoro cane.

Kuki?

Tendons zifise amaraso make, kandi zikorera mu kwinyeganyeza haguma hihindukiza (stress) buri munsi,buri saha

4) Ligaments (imigozi ifata amagufa ku mavi, ankle, etc.) raba foto

Hakira buhoro, akenshi ntibisubira Kuba nk’uko vyari.

Kuki?

Amaraso make + stress nyinshi mu guhindukiza ingingo zigize umubiri.

5) Meniscus (mu mavi) raba foto nahone uzonshimira munyuma
Gukira bigorana cane.

Kuki?
Igice kinini ca meniscus ntikigira amaraso → ivyo bituma hakira gake.

6) Amagufa (bone) – fracture zikomeye
Gukira birashobora gufata amezi. Kuki? Bikorwa mu ntambwe nyinshi (callus → consolidation), kandi bisaba:
calcium/vit D
amaraso
kudakoreshwa cane

✅✅ Waooo ngizi imfungurwa Rero wofungura

Imfungurwa 10 zifasha gukira ningoga (duhereye ku zibikora gusumba izindi)

1) Amagi (Ndabinginze sivyimisi yose ni kurugero nutritionnellement)

Uti kuki?

Afise
Protein nziza cane + vitamine A, D, B12
Afasha kwubaka tissue( uturemangingo) nshasha.

2) Inyama zitukura (beef/chevre/mouton) canke umwijima (foie) navyo muvyitondere sukubihorako ,kuko bishobora kuteza ingorane nini ubikoze Kenshi canke uvyamyeko

Ariko bifise

Fer, Zinc, B12
Zinc ni ngirakamaro cane mu gukiza ibikomere.

3) Ifi (sardine, indagara, tilapia, salmon)
Ibivyo ntangorane yavyo nivyiza Kandi cane no mubuzima bwa misi yose

Ati kuki ga Ham Chef nutritionniste diététicien

Bifise

Omega-3 Zirimwo kurugero runini zigabanya inflammation

Protein + (sardines/indagara) calcium. Navyo ni ntagereranywa.

4) Ibiharage + ibitoke (haricots + banane plantain)
Birimwo
Protein + énergie
Bifasha gukomeza umubiri mu gihe uriko urakira.

5) Amata ya soya canke yinka (ariko ayinka mwongera muyagabirako / yaourt / fromage
Ivyo birimwo
Calcium + protéines
Vyiza cane ku magufa.

6) Imboga z’icatsi kibisi (épinards, amarante irengarenga, choux)

Zirimwo

Folate, magnésium, vitamine K
Vit K ifasha ku gukomera kw’amagufa no gukira.

7) Ivyo kurya birimwo vitamine C ntavyo ninkibi :

(🍊 Imicungwe, 🍋‍🟩 indimu, goyave (amapera), 🍍 inanasi, 🍅 itomate)

Vit C irimwo cane ifasha gukora collagène
Collagène ni yo yubaka uruhu, tendon, ligament.

8) Ivyamwa n’imboga vy'uhondo/orange nka :
(karoti, papayi, mangue, patate douce (ibijumbu)
Bifise beta-carotène → vitamine A
Vit A ifasha gukira uruhu no kurwanya infection.

9) Ivyamwa vy’amavuta (avocat) + amavuta meza (huile d’olive)
Afasha kwinjiza vitamines (A, D, E, K)
Agabanya inflammation.

10) Ivyamwa nibinyantete/ivyema

(arachides, noix, graines de sésame)
Birimwo
Zinc, magnésium, vitamine E
Vit E irinda uturemangingo gufa vyoroshe.

‼️Ntusamare inama ikomeye cane: ‼️Amazi + ‼️isupu Ivyo ni ntasubirizwa.

Amazi menshi afasha amaraso gutembera neza no gukiza tissue (uruhu)

😭😭😭❌❌Ariko hariho nivyo gufungura bibi kizira kubirya ubifungura mugihe ufise igikomere

Ibiribwa bibi bituma udakira ningoga (wirinde)

1)Isukari nyinshi (Fanta, bonbons, biscuits)
2)Inzoga
3)Amavuta yo kotsa menshi (friture)
4)Itabi

Musomyi wunva izi nyigisho zanje zigufasha ? Hari ico wifuza nokurikizako kubigisha ?
Harimpanuro wompa canke kumbwira Merci ?
Harico nawe wobivugako mwese duhurire muri commentaires.

Nanje nkumuganga wumushakashatsi (nutritionniste diététicien) ndabemereye ko tuzigishanya kenshi ibijanye namagara yanyu ,Namwe muze mwibuke kunshimira munyuma love you ❤️ ♥️ 🫵 +257 76 37 04 95 call and watsp ♥️

Ham's Harvest  ngaya ama service 10 muramwe dutanga niyahe murizo tuvuze imaze kugufasha kuruta izindi 🫵🫵Muzonshimira mu...
01/31/2026

Ham's Harvest ngaya ama service 10 muramwe dutanga niyahe murizo tuvuze imaze kugufasha kuruta izindi 🫵🫵Muzonshimira munyumama ndabakunda Cane ♥️♥️:

Ishirahamwe ham's harvest, service dutanga nizi: 1)turigisha abantu imyuga itandukanye (gukora gâteau 🍰, ama sabune, amavuta yo kwisiga , chapeau, gukora Vin (imivinyu , champagne 🍾, ....)
2) turigisha nutrition
3) Coaching entrepreneriat
4) turadandaza produits diététiques
5) turafasha mumanza ( guteka,akuki,fotographie et vidéo graphie)
6)tura consulta (turunviriza,tugapima,tukavura abarwaye)
7) tura korera publicité abatwituye
8) gâteau 🍰 d'anniversaire et de marriage
9) Troma healing
10)kwigisha abantu ivyimpwemu♥️ ,no kwigisha abantu kumbuga (Facebook, YouTube, TikTok,..)

01/30/2026

Oyaaaa tuvugane ukuri atari ubunebwe ,nugushaka gusegerereza gusa Ninde atotangura business yo kudandaza , Zino 🍿🍿 kunzi bazikunda Kandi zoroshe gukora ?? Ngusabe uzonshimire munyuma ♥️ ntiwibagire like commentaire, na partage.

 's family Amagara aruta amajana ,  twibereye kuruhurira umutwe , ubuzi twarabanje guhagarika , kugira turyohere ubuzima...
01/29/2026

's family

Amagara aruta amajana , twibereye kuruhurira umutwe , ubuzi twarabanje guhagarika , kugira turyohere ubuzima , turumuryango munini , twubanira murukundo , Imana imbere , umwete , iterambere , urundi rwaruka rutwigirako vyinshi , cane Cane iyo baje muma service yacu , turabakunda muzodushimira munyuma .

01/27/2026

🫵🫵🤣🤣Ninde yotora igikorwa caba bigeme 2 mubona , mubona bambariye igikorwa cabo ?? Hoho mwibaza kwaha arihe ? Nari nvuye he?

✅Ibintu 5 biranga umuntu w'   Muzonshimira munyumama ❤️ Burya ubwenge burarahugwa ✅umwongereza ngo "show me your friends...
01/26/2026

✅Ibintu 5 biranga umuntu w' Muzonshimira munyumama ❤️

Burya ubwenge burarahugwa ✅umwongereza ngo "show me your friends I'll show you who you are." Abantu mugendana bagira uruhara rudasanzwe mubumenyi,iterambere , no mungeso zawe . Abakera nabo ngo"ubana na suneba ugasuneba nkawe ."

✅Ngibi ibintu biranga kumuntu ari incabwenge abahinga batandukanye nibitabo nagiye nsoma bihuriza kuribi bintu 5.

1) Umuntu atabakumwe nabagenzi bavuga insaku Ahubwo bavuga ivyiterambere : Burya mubuzima hari ubwoko bwabagenzi 3 :- abavuga ivya sport,inkuru zitwenza... Abo bari hagati y'ibijuju nincabwenge - abandi bavuga abandi (insaku) abo bo baba ari ibijuju. ariko hari - abandi bo bavuga ibijanye NITERAMBERE, akazi abo bo baba bari mumugwi wincabwenge kandi zitasanzwe✅🫵.

2) Abantu bakunda kubaza ✅ .ibitabo vyinshi vyemeza ko umuntu wincabwenge abaza cane mbere nivyazi navyo arabibazako aba yibaza ko haruwoba afise ico abimusunvyako , kubaza Abantu bokwita ikijuju umwanya muto ariko ukahakura ubumenyi bwimyaka yose. Nubwo ibintu woba ubizi baza . Ukaba wisanze aruko umeze menya ko nawe uri muncabwenge

3) Incabwenge hari ikintu ca 3 bitwararika cane . Ubuzima bwabo (imfungurwa nziza , Sport ,kuruhuka , kunywa amazi , isuku .. ) vyukuri nyemba wama wunva ko woshobora kwikingira Ingwara nyinshi nimfungurwa ukanivura , ugaca uvyirengagiza ngo ntanimyaka 100 , abashakashatsi bemeza neza ko nawe uba uri mubantu bibirofa , badatagura ko vyose bihagaze kumagara meza .

4) Gukunda kwiga . Bible ngo "igipfu gikengera inyigisho..." Kirazira ko Incabwenge ibona ko ubumenyi ifise buhagije , ashobora kuja mubindi bihugu canke mugihugu munyigisho zitandukanye nama séminaire, ntabisuzugura

5) kutaba addicted (kutaba imbohe, inyegu yikintu nakimwe) vyukuri iki ca5 kirahambaye , umuntu arashobora Kuba imbohe (yidini asengamwo , imbohe yingeso mbi kanaka (kwisambanya ,gusambana ,film zibiterasoni, uwo bikundana , ibiribwa canke ibinyobwa , itabi ,urumogi... ) vyukuri uno we aba arintwari idasanzwe . Gukunda ikintu canke umuntu sibibi namba ariko urinze uba imbohe yavyo biba bibaye ingorane mbere idasanzwe . Umunyabwenge Rero we atacamugize imbata uyo nintwari kabisa

♥️🫵🫵Mugenzi wunva wisanze muribi 5 ashoboyemwo bingahe washikanye 3/5? Niwihe amanota muri commentaire. Utayashikanye birasanzwe guhinduka birashoboka bivana nuko ubihisemwo , unvira Zino mpanuro uzonshimira munyuma .

Yari Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien ndabakunda cane❤️❤️🫵🫵 , +257 76370495 call and watsp.

01/25/2026

Yaco ukoresha amavuta ya elayo (huile d'olive)nabi , kandi menya uburyo avura Ingwara nyinshi uzonshimira munyuma ♥️ ni Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien ♥️+257 76 37 04 95

01/24/2026

Ducishemwo twikorere ibi suguti (biscuits) iyi vidéo bayita short , ndashaka mubwize ukuri , mwabitahuye muriyi miseconda 20 gusa ?? Hamwe hoba hariho ababitahuye noza ndabaha vidéo nkizi mukazonshimira munyuma ♥️❤️ ndabakunda ni Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien+257 76 37 04 95 .

  bwo mumaso utiyononye ❤️❤️👌Mpereza 🎤🎙️ nsemerere  vyunve benevyo ."ngo igipfu gikengera inyigisho,Kandi ngo iki Juju n...
01/24/2026

bwo mumaso utiyononye ❤️❤️👌

Mpereza 🎤🎙️ nsemerere vyunve benevyo ."ngo igipfu gikengera inyigisho,Kandi ngo iki Juju naho wogihurana nisombe mwisekuro kivayo kitanoze , ntawe ntutse ntaco dupfa ni bible ibivuga .

‼️1)Kuneza Yamagara yanyu hagarika kwiyambiza kuko vuba bizokugaruka use nabi Kandi cane
2) hagarika kwisiga amavuta utazi ,utamenyereye
3) gabanya ivyo bifu mwisiga

✅Koresha argile verte (ibumba ryera) original murabe ingene musigara mwakaka , mutiyononye

Hari ibintu bishika 5 twemera nkabaganga bizana ubwiza bwurukoba atakwiyonona bibayemwo .

♥️🫵Munkundire nze ndabahe vidéo ibisigura neza nyemba mubona mwobikunda , nibande babona kwiyi vidéo yobafasha ndayibahe mwagwarukundo♥️ muzokwibuke kunshimira munyuma 💓 duhurire muri commentaires . Ni Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien ndabakunda cane.♥️

Address

Montreal, QC

Telephone

+25762532582

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ham Harvest posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Ham Harvest:

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram