25/10/2025
Hari Itandukaniro Rinini cane Hagati ya Infections vaginales( P.I.D) na Infections urinaires ( U.T.I),..._
Infections urinaires ni ubwandu bufatira mu nzira zicamwo umwanda muto,...
Ibimenyetso
✍️. Kwumva urushe no kwiyumva nabi,
✍️. Gusoba bikugoye ndetse ugasanga uranahatiriza,
✍️. Kubabara igihe uriko urasoba,
✍️. Gusoba amasobwa make maze ukabikora umwanya ku mwanya,
✍️. Gusoba amasobwa anuka cane,
✍️. Amasobwa kuza afise irangi ritandukanye nk' akarorero ugasanga ashaka gutukura,
✍️. Gusesemwa canke kudahwa,
✍️. Kubabara munda,
✍️. Urashibora no kwaka umuriro,
✍️etc,
Ariko Infection vaginalebyo ni ubwandu bufatira munzira y'irondoka,
Ibimenyetso vyayo,
✍️. Kubabara musi y'umukondo umwanya ku mwanya,
✍️. Kubabara umugongo, mu kibuno no mu kayunguyungu,
✍️. Kubona ubucafu bumeze nk'amata yavuze, ugasanga vyera, bisa n'umuhondo, canke bisa n'urwatsi rubisi ndetse hari naho biza binuka,
✍️. Kugira akamoto kabi mu bihimba vyirondoka,
✍️. Gusasatwa mugitsina mu nzira yagenewe irondoka,
✍️. Kubabara mu gihe c'amabanga y'abubatse,
✍️. Etc
Ndibaza naho twogeza hano urashobora kubona ishusho nyayo n'itandukaniro rihari hagati ya infection vaginale na infection urinaire,
Ariko naho yoba yaragusesereje gute, ntucike intege imiti irahari, uzokira, ariko kandi twibuke kwikingira , kuko kwivuza biravuna cane.
Imana ikomeze kubana namwe.
Ukeneye kumenya uko wokwivura izo infections zose simbira kuri youtube ubone uko umuti wazo utegurwa mu gufyonda aha: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9