Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi

Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi Twigishanya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

Uburyo Bwiza kandi Bworoshe bwo Kugabanya Ibiro,...Abantu batari bake barahangayikishijwe n'ikibazo co kuvyibuha cane, a...
07/11/2025

Uburyo Bwiza kandi Bworoshe bwo Kugabanya Ibiro,...

Abantu batari bake barahangayikishijwe n'ikibazo co kuvyibuha cane, abenshi barondera imiti yo kugura hamwe bikanka ahandi naho niyo bikunze ugasanga ntibishimishije cane, mbere nivyo bike babonye hari aho usanga baba bakoresheje imiti ifise ingaruka itari nziza ku bu*ima bwabo cane cane irya miti ucibwamwo uhejeje kuyifata kuko wibaza ngo wagabanutse naho kumbe n'amazi ariko aragabanuka mu mubiri maze wapima ukabona nyene ibiro biriko bigabanuka aho kuvamwo ibinure yamara hariko haravamwo amazi nayo ari nkenerwa cane mumubiri. Urumva ko uba uriko urica umubiri wawe.

Ehe rero inzira nziza yoroshe y'ukuntu wogabanya umuvyibuho utishimira.

Ufata gombo zine ukazikekagura ugaca u*ishira mu mazi meza angana n'igice c'iritiro ugaca upfundikira bikamaramwo amasaha abiri, ugaca ubimimina maze ugaca ukanyiramwo igipande c'indimu.Uwunywa buri musi mugatondo uvyutse.

Turekanye nuko uzogufasha kugabanuka usigare ufise umubiri wishimira, uwu muti uravura diabete( type2), uravura hypertension, ugabanya amavuta mabi mu mubiri( ikinure), wongereza ubwirinzi bw'umubiri maze bukakurinda kugwaragurika, utuma ugira akabiri koroshe kayagayaga, uvura ibibazo vyose vyo munda nko kubabara, kwuzura inda, uvura goute, ibinyanya mu maguru no mu maboko, kuvyimba amaguru n'intoke, tutibagiye kubabwirako ushira n'imisemburo ku murongo, gutuma haboneka graile cervicale ( ibimenyetso vy'agasamo), kwongereza amazi mu gihe c'amabanga y'abubatse maze bikongereza amahirwe yo gusama kuwushaka ikibondo. N'ibindi vyinshi twovuga kuri gombo.

Ushaka kumenya vyinshi birenze ibi kuri grombo ndetse n'iyindi miti myishi uzogure ka gatabu kacu twise *IMITI K**A , IVYO IVURA UKO ITEGURWA N'UKO IFATWA*, harimwo vyinshi cane kandi izi ntahe zose imiti bakoresha twarayishizemwo rero ntimuze mwama murindiriye ko mdabishura kuko ntavyo noshobora muba muri benshi cane. Ikindi kandi nuko mu mwaka uza nzoba nafatiriwe n'ibindi n'aka kanya ko kubishura kazogabanuka. Rero umuntu aciye ubwenge ariko aragura kano gatabo hakiri kare.

Mubandanye mugira ibihe vyiza rero,

Ihangiro ryacu ni
Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

Ntiwibagire gusangiza abandi inkuru nziza nkenizi, ariko kandi mubandanye mutwereka ko turi kumwe mukuduza urubuga rwacu rwa youtube aho twatanguye urugendo rwo kwigisha izi nyigisho zacu mu buryo bw'amavideo.

Link ya chaîne yacu ya youtube niyi:https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Uko wivura Ishano Ukoresheje Indimu n' AmakaraIki cigwa twahisemwo kukibashirira kuri youtube mu buryo bw'amashusho kugi...
01/11/2025

Uko wivura Ishano Ukoresheje Indimu n' Amakara

Iki cigwa twahisemwo kukibashirira kuri youtube mu buryo bw'amashusho kugira ngo mushobore gutahura neza uko utegurwa.

Simbira rero kuri youtube ukurikirane intambwe ku yindi uko uwo muti utegurwa. Kansi ntiwibagire subscribe no kubisangiza n'abandi na cane cane ko muri kino gihe abantu bahabwa amashano babandanya bagwira.

Link rero ya youtube yacu iriko ico cigwa c'ishano mu buryo bw'amajwi n'amashusho n'iyi:

Enjoy the videos and music you love, upload original content, and share it all with friends, family, and the world on YouTube.

Hari Itandukaniro Rinini cane Hagati ya Infections vaginales( P.I.D) na Infections urinaires ( U.T.I),..._Infections uri...
25/10/2025

Hari Itandukaniro Rinini cane Hagati ya Infections vaginales( P.I.D) na Infections urinaires ( U.T.I),..._

Infections urinaires ni ubwandu bufatira mu nzira zicamwo umwanda muto,...

Ibimenyetso

✍️. Kwumva urushe no kwiyumva nabi,
✍️. Gusoba bikugoye ndetse ugasanga uranahatiriza,
✍️. Kubabara igihe uriko urasoba,
✍️. Gusoba amasobwa make maze ukabikora umwanya ku mwanya,
✍️. Gusoba amasobwa anuka cane,
✍️. Amasobwa kuza afise irangi ritandukanye nk' akarorero ugasanga ashaka gutukura,
✍️. Gusesemwa canke kudahwa,
✍️. Kubabara munda,
✍️. Urashibora no kwaka umuriro,
✍️etc,

Ariko Infection vaginalebyo ni ubwandu bufatira munzira y'irondoka,

Ibimenyetso vyayo,
✍️. Kubabara musi y'umukondo umwanya ku mwanya,
✍️. Kubabara umugongo, mu kibuno no mu kayunguyungu,
✍️. Kubona ubucafu bumeze nk'amata yavuze, ugasanga vyera, bisa n'umuhondo, canke bisa n'urwatsi rubisi ndetse hari naho biza binuka,
✍️. Kugira akamoto kabi mu bihimba vyirondoka,
✍️. Gusasatwa mugitsina mu nzira yagenewe irondoka,
✍️. Kubabara mu gihe c'amabanga y'abubatse,
✍️. Etc

Ndibaza naho twogeza hano urashobora kubona ishusho nyayo n'itandukaniro rihari hagati ya infection vaginale na infection urinaire,

Ariko naho yoba yaragusesereje gute, ntucike intege imiti irahari, uzokira, ariko kandi twibuke kwikingira , kuko kwivuza biravuna cane.

Imana ikomeze kubana namwe.

Ukeneye kumenya uko wokwivura izo infections zose simbira kuri youtube ubone uko umuti wazo utegurwa mu gufyonda aha: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Ntutangwe no gukurikirana kuri Youtube  iyi nyigisho y'ukuntu wikwivura ingwara zitandukanye ukoresheje tungurusumu.
22/10/2025

Ntutangwe no gukurikirana kuri Youtube iyi nyigisho y'ukuntu wikwivura ingwara zitandukanye ukoresheje tungurusumu.

Enjoy the videos and music you love, upload original content, and share it all with friends, family, and the world on YouTube.

Nguma nironkera abishwa benshi nukuri😂Wewe utaramunzanira umwishwa urindiriyiki🤷‍♂️😂, ntiwihebura kuko bitarakunda je nd...
22/10/2025

Nguma nironkera abishwa benshi nukuri😂
Wewe utaramunzanira umwishwa urindiriyiki🤷‍♂️😂, ntiwihebura kuko bitarakunda je ndaziko utazova mu bandi. None mwibaza mwese muciye musama nosubira kuronka intahe nsangiza abandi😂🤷‍♂️?

Reka rero uwugezeeho yishurwe duserebure, ejo nawe uzogerwa duserebure, hirya yejo hagaruke Divine duserebure, hirya ya hirya yejo haze Daniella duserebure, gutyo gutyo,... duce twama mu mumezero buti musi.

Ubu rero ndindiriye uwukurikira. Imana itube hafi.

Twiruke kuri ya Chaine yacu nshasha ya Youtube tugire subscribe ninaho tuzohora twigira inyigisho mu buryo bw'amajwi na Video.

Link ngiyi: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Ibindi Bifungurwa Umugabo Yofungura cane Kugira Intanga Ziwe Zirwire Zongere Zigire Inguvu Canke Zikomere.1. Kunywa icay...
21/10/2025

Ibindi Bifungurwa Umugabo Yofungura cane Kugira Intanga Ziwe Zirwire Zongere Zigire Inguvu Canke Zikomere.

1. Kunywa icayi ca mdalasini kirimwo ubuki,
2. Kunywa umutobe wa betterave canke umutibe w'ikaroti,
3. Guhekenya inzu*i,
4. Kunywa icayi ca tangawizi,
5. Gukoresha tungurusumu,...

Ntitwibagire kandi ko twanabonye umuti ushobora gukoresha nko guteka akaziraruguma ukagatekana na tangawizi hamwe n'amababi y'ipera ukaza uranywa. Uyu muti warafashie abagabo benshi bari bafise ico kibazo ariko kandi sico uvura gusa urongereza ubushake mu mabanga y'abubatse bikagenda neza, urafasha abagore bafise ikibazo c'ama ovules adakura canke ngo ashe, ukongera ukanafasha abagabo intanga zabo harimwo infections. Mbere no kuri babandi vyananiye guheba kwisambanya urabafasha bakabiheba no kubavura ingaruka vyabazaniye. Gusa aha ho bisaba bawufatanye n'ingaburo ibereye no gukora aga sport cane cane ko mu bwoko bwa KEGEL, be no kunywa amazi menshi.

Icitonderwa uyu muti kuri bamwe birashobora gushika ukawufata ukamenga ubushake burikase, ntugire ubwoba inyuma y'imisi mikeya biba biheze. Ariko kugira binyaruke guhera uca ushusha amazi angana n'iritiro zibiri, ugaca uyakurako agahora ugaca ushiramwo ibiyiko bibiri vy'isukari hamwe n'ikiyiko kimwe c'ubuki ugaca ukanyiramwo indimu ukaza uranywa buke buke. Bica bituma bwa bushake bwongera kugaruka vyihuse.

Mubandanye rero mugira ibihe vyiza.

Ku bantu namwe mwama musaba ko twotanguza Chaïne ga youtube munyaruke kugira subscribe, like, mubisangiza n'abandi kuko inyigisho ubu twatanguye ku*ishirako.

Injira kuri youtube ukurikirane inyigisho zacu uciye kuriyi link: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Ibindi Bifungurwa Umugabo Yofungura cane Kugira Intanga Ziwe Zirwire Zongere Zigire Inguvu Canke Zikomere.1. Kunywa icay...
21/10/2025

Ibindi Bifungurwa Umugabo Yofungura cane Kugira Intanga Ziwe Zirwire Zongere Zigire Inguvu Canke Zikomere.

1. Kunywa icayi ca mdalasini kirimwo ubuki,
2. Kunywa umutobe wa betterave canke umutibe w'ikaroti,
3. Guhekenya inzu*i,

4. Kunywa icayi ca tangawizi,
5. Gukoresha tungurusumu,...

Ntitwibagire kandi ko twanabonye umuti ushobora gukoresha nko guteka akaziraruguma ukagatekana na tangawizi hamwe n'amababi y'ipera ukaza uranywa. Uyu muti warafashie abagabo benshi bari bafise ico kibazo ariko kandi sico uvura gusa urongereza ubushake mu mabanga y'abubatse bikagenda neza, urafasha abagore bafise ikibazo c'ama ovules adakura canke ngo ashe, ukongera ukanafasha abagabo intanga zabo harimwo infections. Mbere no kuri babandi vyananiye guheba kwisambanya urabafasha bakabiheba no kubavura ingaruka vyabazaniye. Gusa aha ho bisaba bawufatanye n'ingaburo ibereye no gukora aga sport cane cane ko mu bwoko bwa KEGEL, be no kunywa amazi menshi.

Icitonderwa uyu muti kuri bamwe birashobora gushika ukawufata ukamenga ubushake burikase, ntugire ubwoba inyuma y'imisi mikeya biba biheze. Ariko kugira binyaruke guhera uca ushusha amazi angana n'iritiro zibiri, ugaca uyakurako agahora ugaca ushiramwo ibiyiko bibiri vy'isukari hamwe n'ikiyiko kimwe c'ubuki ugaca ukanyiramwo indimu ukaza uranywa buke buke. Bica bituma bwa bushake bwongera kugaruka vyihuse.

Mubandanye rero mugira ibihe vyiza.

Ku bantu namwe mwama musaba ko twotanguza Chaïne ga youtube munyaruke kugira subscribe, like, mubisangiza n'abandi kuko inyigisho ubu twatanguye ku*ishirako.

Injira kuri youtube ukurikirane inyigisho zacu uciye kuriyi link: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Inzira  Yoroshe yo Kwongereza  Intanga ku Bagabo,...Ku bagabo bafise ikibazo c'intanga nke, canke zidakomeye, canke zida...
24/08/2025

Inzira Yoroshe yo Kwongereza Intanga ku Bagabo,...

Ku bagabo bafise ikibazo c'intanga nke, canke zidakomeye, canke zidafise inguvu, abo vyanse ko batera inda , ubu butumwa ni rwabo,...

Ufata amababi y'ipera arya akiri matoto, hanyuma ukayateka mu mazi bikabira,

Hanyuma ukaza uranywa igikombe incuro zibiri ku musi mu kiringo c'imisi indwi.

Ariko rero bisaba mwiyo misi indwi wipfunge uyimare utaranguye amavanga y'abubatse.

Igihe ushaka koko gutera inda, biba vyiza utanguye kuwufata igihe umugore wawe avuye mu butinyanka.

B. Uko Witegurira Umuti Mu Gihe Ufise Ikibazo C'Intanga Nke.

Niba waripimishije ugasanga nawe ufise ikibazo c'intanganke, iki nico gisubizo ,soma ubu butumwa bwose hama ugundure ico utari u*i.

Reka duhere ku bifungurwa wokwibandako imbere yuko tuvuga umuti wotegura.

1. Ibiyobe n'ibiri mumugwi w'ibiyobe vyose. Ibiyoba ntivyongera intanga gusa ahubwo biranatuma zikomera bigatuma umugabo atera inda ndetse hakavuka n'umwana atagira ubusembwe.

2.Amagi.
Amagi nayo nyene arafasha kwongera urugero rw'intanga ndetse arimwo na vitamine E (vit E) n'icunyunyu ca zinc bifasha intanga kugenda neza.

3. Imihwi,
Nyo irimwo vit B1 na C hamwe n'icunyunyu ca Magnesium, bifasha cane mw'ihingurwa ry'intanga ngabo.

Ibindi wokwitwararika n'ibiharage navyo nyene ni vyiza. Hamwe n'ifi cane cane zirya sardine kuko zirimwo Omega 3 na Omega 4, abahinga mu vy'amgara y'abantu bashishikariza abagabo bafise ico kibazo.

Hama umuti wokwitegurira woroshe ;*

* Ufata amababi y'ipera ukayatekana na tangawizi hamwe n'akaziraruguma maze mukaza muranywa mwese. Uyu muti ufasha abagabo bafise ikibazo c'intanga nke, izirimwo infection, iz'amazimazi,etc. Ku bagore naho uvura infection, ugafasha ku kibazo c'amagi(ovule) adasha n'ibindi. Uyu muti ufasha vyinshi harimwo ivyo kurangiza vuba, kutagira ubushake, ibibazo vyo munda, etc. Gusa urakaze ariko wagiye urafasha abagabo benshi, hari nuwo wafashije guheba akagesho ko kwisambanya.

* Uwundi nawo, ufata ibiyoba, canke inzu*i( imbuto z'imyungu). Ugasya agafu kavyo kakaba ariko uza urashira muri jus, ikiyiko kimwe canke kirenga c'iyo fu, hama ukaza uranywa mu gatondo, ku mutaga be no ku mugoroba. Ushobora kudakoresha jus, ugashira mu mboga zitetse, canke mu biryo vyoroshe,

Kandi utangura kuwufata guhera umugore wawe avuye mu bihe vyiwe, hama ugaca urindira indwi igahera uwufata, ariko ntiwigera ukora amabanga y'abubatse murico kiringo uriko ufata uwo muti, hama ku musi ugira umunani akaba ariho ukora ico gikorwa.

Hari amakosa abagabo bakunze gukora ugasanga amabanga y'abubatse babigize nka paracetamol ngo niho atera inda,(donc akabikora mu gatondo, ku mutaga no ku mugoroba, )

Ubikoze umwanya ku mwanya bituma haza intanga zitarakomera, bikabanya amahirwe yo gutera kuko intanga ziba zitarakomera. Urashobora no kuza urasibiriza.

Ikindi naco nokwongerako umuntu yokwitwararika,
Bivanye n'uko tugenda turiga ibitandukanye aha na hariya, witwararike mwico kiringo ntukoreshe imbuto z'igipapayi,

Kuko hariho ubushakashatsi bumwe buvugako iyo ukoresheje ifu y'imbuto z'igipapayi bishobora kugukingira gutera inda mu kiringo runaka.

Rero ngaho bishobora kwinjiriramwo na cane cane ko harimwo abasanzwe bazikoresha mukwivura no mu kwikingira ingwara zitandukanye.

Ku ba dame namwe igihe ushaka gusama, kirazira guca unywa amazi ubwo nyene uhejeje kurangura wmabanga y'abubatse kuko ubwo buryo hariho ababukoresha mu gutandukanya imvyaro, nawe rero urashobora kwisanga uriko urikingira kandi ushaka ikibondo.

Bonus: nta muti canke ifunguro runaka wonyene uzogufasha kugukiza cane cane dufatiye ku bu*ima bw'ibihimba vy'irondoka, dufate nkubu tukurangiye umuti runaka kuburyo uwufashe wonyene uce wumva vyagenze neza nk'amabangq y'abubatse ngo ace agenda neza.

Ubu*ima bufatiye ku bihimba vy'irondoka buhagaze ku bintu vyishi cane, harimwo gufungura ibibereye, gusinzira bikwiye,kwirinda ama stress , kugabanya inzoga, gukora aga sport no kuja kwa muganga ukaza urakurikirana amagara yawe kenshi kugira umenye uko ubu*ima bwawe muri rusangi buhagaze,etc

Bivanye n'ugufatirwa kwa cane ubu sinkicisha inyigisho aha kuriyi page ya facebook gusa ubaye ukeneye kwama ukurikirana inyigisho zacu hafi na hafi, turafise chaïne ya whatsapp dusigaye ducishako ivyigwa vyacu umwanya ku mwanya.

Fyonda aha kw'iyo link kugira nawe uce utangura kudukukirana kuriyo Chaïne yacu ya whatsapp: https://whatsapp.com/channel/0029VaiG10BDOQISAEO2U22K

Mubandanye mugira ibihe vyiza.

Ihangiro ryacu ni
✍️ Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera

Address

Mwanza

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi:

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram